Amakuru
24 octobre 2022

Ndayishimiye atangazwa n’ingene REGIDESO ikota hanze imashini zitanga amatara kandi yahevye izayo

Evariste Ndayishimiye yasavye REGIDESO ko imashini zitanga umuyagankuba zikoresheje igitoro, « groupes éléctrogènes » mu gifaransa, zikoreshwa vuba na bwango, kandi zigaca zikora ico zagenewe. Umukuru w’Igihugu yari yagendeye ku wa gatandatu w’indwi iheze iryo shirahamwe. Akaba yatangajwe n’ingene REGIDESO imaze hafi imyaka itanu ikota imashini ku rindi shirahamwe, kandi izo mashini zisa n’izo zahebwe na REGIDESO. Evariste Ndayishimiye yaciye avugana n’umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe leta ifisemwo imitahe. Amasanamu n’amajwi tubikesha RTNB.