Amakuru
3 janvier 2024

Ndayishimiye arihenda cane mu kwifatira mu gahanga Urwanda (CFOR-Arusha)

Mu kwifatira mu gahanga Urwanda, Evariste Ndayishimiye ashaka gusamaza Abarundi kugira yiyibagize ingorane zihanze Abarundi. Uwo ni umubabaro wa Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Kuri we, Evariste Ndayishimiye mu vyo avuga vyose biribonekeza ko ata kuri na kumwe kurimwo iyo ariko avuga ko Urwanda ruri inyuma y’igitero giheruka kubera mu Gatumba.