Amakuru
3 janvier 2024

Ndayishimiye arakwiye kwikebuka akemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe (UPD-Zigamibanga)

Intwaro ya Ndayishimiye yaranzwe n’ibintu bibi mu bisata vyose uno mwaka w’2023 urangiye. Ivyo bivugwa n’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi UPD-Zigamibanga.Chauvineau Mugwengezo awurongoye asaba ko umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yikubita agashi muri uyu mwaka w’2024 akemera ibiganiro n’abo bitavuga rumwe kugira bamufashe kubogora igihugu.