Amakuru
2 juillet 2022

N’aho Uburundi bwaronse intahe yo kwikukira, uno munsi nta co ibumariye

Isabukuru ry’imyaka 60 Uburundi bwikukiye rishitse mu gihe iyo ntahe iriko iraduca mu myanya y’intoke. Bivugwa na Karoli Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, uvuga ko intahe yo kwikukira yarangwa n’ukwo Abarundi babana mu bumwe bakishira bakizana, ariko uno munsi ubutegetsi bwa CNDD-FDD burangwa no gucanishamwo Abarundi hamwe no kubacinyiza.