Ikurwa ry’ibihano Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryafatiye Uburundi nta kamaro rifise mu gihe abafunzwe bazira ivyiyumviro vya politike batarafungurwa, abamenyeshamakuru batidegemvya, n’impunzi ngo zihunguke mu gihugu cabo. Ivyo ni ibiri mw’ itangazo ryasohowe n’umuhari MSD kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ruheshi 2021. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, akavuga ko n’aho leta y’Uburundi ikora ibishoboka vyose ngo ireshe umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, impinga ikiri ndende. Agasaba ko abaharanira agateka ka zina muntu, abatavuga rumwe na leta, abashingwamanza hamwe n’abamenyeshamakuru bokwidegemvya mu mwuga wabo.
Amakuru
30 juin 2021
