Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, aremeza ko igihugu kibuze amafaranga y’agaciro bita ama devises kubera kitakironka imfashanyo. Akaba yabishikirije igihe hariko harasozerwa indwi yahariwe Abarundi baba hanze. Yaribukije ko imfashanyo yahora iza yarenga ibice 50%, ariko akavuga ko n’aho yahagaze, leta yiwe yagumye ihagaze neza. Agasaba abo Barundi baba mu mahanga gufasha mu gutora umuti w’ico kibazo.
Amakuru
6 août 2024