Amakuru
23 août 2024

N’aho hari ivyo yemeye, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryarabandanije ku ntwaro ya Ndayishimiye

Ibikorwa vy’iterabwoba, kuburabuzwa, gufatwa no gupfungwa, imanza za ngondagonde biraba abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru n’abo mu migambwe itavuga rumwe na leta, ntivyigeze bihagarara muri iyi myaka ine Évariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International mu cegeranyo c’ubushakashatsi cashize ahabona ku munsi wa gatatu. Ku bwa Rachel Nicholson, umushakashatsi muri iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo mu buseruko, n’aho umukuru w’Igihugu yagumye yemera ibintu vyiza gusa, ntikibuza ko abaharanira agateka ka zina muntu babandanya gukurikiranwa bahorwa akazi kabo.