Amakuru
11 novembre 2021

N’aho hakiri ikibazo mu gisata c’abazana imitahe, umukuru w’igihugu arabahimiriza kuza mu Burundi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira abagwizatunga b’abanyamahanga kuzana imitahe yabo mu Burundi. Yabivugiye mw’ihayanisha-gurisha ririko ribera mu gisagara ca Dubaï. Umukuru w’igihugu yanabamenyesheje ko ni baza mu Burundi bazokworoherezwa.
Frédéric Bamvuginyumvira, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, amusaba nyabuna gukuraho intambamyi zituma abanyamitahe batinya kuzana imitahe yabo mu Burundi ha kwihutira kubahamagarira kuza.