Amakuru
20 mars 2024

N’aho amazi ya Tanganyika yaduze, ikivuko gitegerezwa kubandanya gikora (J. Nsengiyumva)

Abakozi b’ikigo kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori OBR, abafasha abadandaza kuriha amakori hamwe n’abadandaza ubwabo bakwiye gufata ingingo zotuma ibidandazwa bidateba ku kivuko c’i Bujumbura kubera amazi yaduze. Bisabwa na Janvier Nsengiyumva, umuyobozi ajejwe ubudandaji ku kivuko ca Bujumbura, akavuga ko bimwe mu bidandazwa vyamaze kwimurwa kubera aho vyari biri hamaze guterwa n’amazi. Yongera avuga ko ibikorwa bizotegerezwa kubandanya kuri ico kivuko, n’aho amazi yaduze ariko bikaba bisaba ko ingene amazi aduga n’ingene amanuka bimenyekana kugira ibidandazwa ntivyononekare.