Amakuru
16 novembre 2021

« Muzungu tribes », ni umugambi wa Teddy Mazina uri mw’ihayanishwa i Bruxelles

Hari ihayanishwa ryerekeye ingene abantu barabana bivanye n’urukoba rwabo ririko ribera ahitwa Africa Museum i Buruseri mu Bubirigi. Intumbero ikaba ari iyo gufasha kugira ivyiyumviro bibi vy’ukurutanisha abantu ku bandi vyatanguriye i Buraya mu kinjana ca 19 bigabanuke. Teddy Mazina, umumenyeshamakuru akoresha amasanamu, akaba yaratumiwe mu bakora iryo hayanishwa. Igikorwa ciwe yitiriye « Muzungu Tribes » kikaba gishingiye ku kwihweza no gutahura uko abazungu baraba abandi bantu. Ivyo navyo bikaba bifitaniye isano n’ivy’amoko n’ingaruka zavyo mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika nk’Uburundi.