Kuri uyu wa kane, Ekleziya katolika y’Uburundi yarakiriye ku mugaragaro Musenyeri Dieudonné Datonou, intumwa nshasha ya Papa mu Burundi. Kubwa Musenyeri Joachim Ntahondereye, arongoye inama nkuru y’abepiskopi mu Burundi, Abarundi bomenya ko atari intumwa gusa ije mu kazi, ariko ari uwuserukira uwasubiriye umweranda Petero.
Amakuru
12 février 2022