Amakuru
28 avril 2022

Muragaba, hari abigana icaha co kunyuruza abantu !

Abanyagihugu basabwa kwitura abajejwe intwaro n’umutekano igihe cose hariho uwubuzwe irengero. Bivugwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano. Pierre Nkurikiye avuga ko abavuga ko hari abantu banyuruzwa babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi ari abansi b’igihugu. Ivyo yabivuze ku munsi wa kabiri, igihe yariko ashikiriza abamenyeshamakuru umwigeme yabeshe ko yanyurujwe, kandi rwari urwenge rwo kwiba amafaranga abantu. Ayo mafaranga akaba yaca arungikirwa nyina. Nyina nawe akaba yarafashwe n’igipolisi co kimwe n’umukobwa wiwe.