Amakuru
21 mai 2022

Mu ntumbero yo gukoresha neza amafaranga ya leta, itegeko rishasha riyagenga rigiye gutunganywa

Ngo hagiye gutunganywa itegeko rishasha rigenga amafaranga azokoreshwa na leta uyu mwaka. Vyamenyeshejwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu. Hari kuri uyu wa kane mu mwiherero w’abagize leta. Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ko bagiye kurabira hamwe ahantu amafaranga y’ikigega ca leta yahora aja.