Amakuru
26 août 2023

Mu ndwi imwe gusa uwushaka kwinjiza ibidandazwa mu gihugu ashobora kuba yaronse uruhusha

Umurwizatunga ashaka kwinjiza ibindandazwa mu Burundi asaba uruhusha mu kigo kijejwe iterambere ry’igihugu, ADB. Bivugwa na Didace Ngendakumana, arongoye ikigo ADB. Hari mu nama n’abarwizatunga kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro. Didace Ngendakumana amenyesha ko iyo umurwizatunga yateguye neza umugambi wiwe mu ndwi imwe aba atanguye kwinjiza ibidandazwa.