Amakuru
16 janvier 2024

Mu kurwanya ubunebwe mu banyororo, ibikorwa vyo kwiteza imbere vyaratunganijwe (D. Banyankimbona)

Abarundi barahamagarirwa kuja barakwirikira ikiganiro citwa « Mu butungane havugwa amaki » gica ku mboneshakure n’iradiyo vy’igihugu. Ako kamo katewe n’umushikiranganji w’Ubutungane Domine Banyankimbona aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka w’2023 ushira 2024. Umushikiranganji w’Ubutungane yamenyesheje ko barwanije n’ubunebwe mu mabohero mu gukoresha abanyororo ibikorwa vy’uburimyi n’ubworozi.