Ibura ry’itegeko ritegekanya gukinga impanuka n’ibiza mu Burundi, biri mu bituma haguma ingorane zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe. Bivugwa na Jean Marie Sabushimike, umuhinga mu gukingira ibidukikije. Akavuga ko iyaguka ry’igisagara ca Bujumbura ryari rikwiye kujana no gutegekanya ukuntu ibidukikije bikingirwa muri uwo muji. Jean Marie Sabushimike akaba yavuganye na bagenzi bacu bo kuri radio-télévision Isanganiro. Hari ku munsi mpuzamakungu wo gukingira inzuzi, uhimbazwa itariki 14 Ntwarante.
Amakuru
16 mars 2022
