Amakuru
19 mars 2021

Mu gushikiriza ijambo ry’umubabaro inyuma y’urupfu rwa Magufuli, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakoze ivyo yategerezwa gukora

Mu gushikiriza ijambo ry’umubabaro inyuma y’urupfu rwa Magufuli, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakoze ivyo yategerezwa gukora. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira, ijambo rya Ndayishimiye ntiryibagiza ingendo yiwe be n’iy’umugambwe wiwe ku Barundi bamwe bamwe, nka nyakwigendera Petero Buyoya, igihugu gikesha vyinshi. Kubw’uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ngo Ndayishimiye na CNDD-FDD babaye intashima kuri Buyoya kandi ariwe bakesha aho bari uno munsi.