Mu gihugu ca Centrafrique, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro iracafise igikorwa gikomeye. Ku munsi wa kane uheze, cumi na babiri mu bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, baritwaye muri iyo sentare. Bakaba bose basaba ko hofutwa ivyavuye mu matora yabaye kw’igenekerezo rya 27 Kigarama mu mwaka uheze. Bariyamiriza ukudakurikiza amategeko vyaranze ayo matora n’ukuba atitabwe n’abaserukira ibice bitandukanye bigize abanyagihugu ba Centrafrique.
Amakuru
8 janvier 2021