Amakuru
3 octobre 2022

Mu gihe imipaka yuguruwe, Abanyecibitoke bahamagarirwa gukora urudandazwa atari urwa magendo

Mu gihe umupaka w’Urwanda n’Uburundi wo ku Ruhwa waraye wuguruwe, Abanyacibitoke bahamagarirwa gukora urudandazwa ariko kandi bagacunga abo bokwikika mu kiza mu gukora urudandazwa rwa magendo. Bisabwa na Joseph Ntakarutimana, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Hari kuri uyu w’Imana aho abagumyabanga bo mu ntara ya Cibitoke bari batunganije urugendo rwo gukeza no gushigikira umukuru w’Igihugu ku ngingo nziza afata zo guteza imbere abanyagihugu.