Amakuru
20 juin 2024

Mu gihe hatohinduka uko akazi gatangwa, iterambere ry’Uburundi rizokwama ari umugani (P. Nigaba)

Biragoye kwizera ko ivyo umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yipfuza bija mu ngiro mu gihe hadahindutse bimwe bimwe nk’ibijanye n’ingene akazi gatangwa hatisunzwe ubushobozi n’ubumenyi. Ivyo bivugwa n’umugambwe FRODEBU mu gihe Evariste Ndayishimiye ariko ahimbaza imyaka ine iheze ari ku butegetsi. Phénias Nigaba, icegera c’uwurongoye uwo mugambwe akaba n’umuvugizi wawo, agahamagarira umukuru w’Igihugu kwubahiriza ibibanza vya politike hamwe n’ivy’ubuhinga mw’itangwa ry’akazi kugira iterambere avuga rije mu ngiro.