Umuzibukiro ugiye gutangwa ku bantu bafise amatongo mu Gasenyi mu kibanza cagenewe kuba ica rusangi mu ntumbero yo gukingira ikirimba c’umukuru w’Igihugu. Vyavuzwe na Emmanuel Ndorimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, hari kuri uyu wa mbere, aho yari aramutse aja gutanguza igikorwa co gupima ayo matongo. Emmanuel Ndorimana akavuga ko ba nyene amatongo bazohabwa umuzibukiro hakurikijwe amategeko.
Amakuru
19 juillet 2022