Amakuru
7 juillet 2021

Mu Burundi, umunwa wose urafise ico ufungura nayo umufuko wose ukagira amafaranga

Mu gihugu c’Uburundi ngo umunwa wose urafise ico ufungura nayo umufuko wose ukagira amafaranga. Ni ivyemezwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Kuri we, ngo ivyo vyerekana ko Abarundi bashitse ku ntumbero yabo yo kurwanya inzara. Ivyo akaba yabivuze igihe hariko harahimbazwa umwaka ugira 59 Uburundi buronse intahe y’ukwikukira.