Amakuru
25 septembre 2021

Mu Burundi harakwiye gushirwaho ivyigwa bijanye n’irondoka

Leta y’Uburundi ikwiye gushiraho inyigisho zijanye n’ivy’irondoka, kugira abana b’abakobwa bakiri bato bashobore kwirinda imbanyi batipfuje. Bivugwa na Pamela Mubeza, aharanira agateka ka zina muntu. Pamela Mubeza agasaba y’uko abahumbisha abo bana b’abakobwa bahanwa hisunzwe amategeko.