Amakuru
21 avril 2023

MONUSCO ni yaba idashoboye gukingira abanyagihugu mu ntara ya Ituri, nitange imihoho

Urunani rw’abashingwamanza baburanira Abahema bo mu karere ka Ituri mu buseruko bwa Congo barashikirije ibirego ubucamanza bwa gisirikare bukorera mu karere ka Bunia. Umushingwamanza Bernard Maingain, kw’izina ry’urwo runani, aranegura ko ubwicanyi bukorwa n’imirwi y’inkorabara ya CODECO kandi igisirikare ca Congo n’inteko za MONUSCO birorera. Umushingwamanza Maingain agasaba abajejwe MONUSCO n’igisirikare ca Congo muri ako karere gutanga imihoho nimba badashobora gukingira abanyagihugu. Akaba amenyesha ko mu gihe vyoguma uko biri uno munsi, bazokwitwara mu ma sentare mpuzamakungu.