Amakuru
21 septembre 2022

Me Bernard Maingain arashimira abagize uruhara mu kurwanira iyubahirizwa ry’amategeko mu Burundi

Ni hubahwe abashingwamanza baharaniye leta ishingiye ku mategeko mu Burundi, ni hubahwe Ubutungane mpuzamakungu bwa Afrika, ni hubahwe abagabo n’abagore bashikirije kandi bakanashimangira ivyiyumviro vyabo. Uyo ni umushingwamanza Bernard Maingain, umwe mu baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi, agaragaza umunezero wiwe inyuma y’ingingo yafashwe n’igisata gisubiramwo imanza ca Sentare ya Afrika y’ubuseruko yo gukubita intahe mu gahanga sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro mu Burundi mu kwemeza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Ku bwa Bernard Maingain, ngo iyo ngingo imuhaye inguvu zidasanzwe zo kubandanya gutanga ibirego muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu. Akemerera Abarundi ko vuba abakoze amabi kuva mu 2015 bazobona impapuro zibarengukisha imbere y’iyo Sentare.