Amakuru
18 octobre 2021

Martin Bashirahishize yiyongera ku rutonde rurerure rw’abamaze kunyuruzwa

Martin Bashirahishize, yakora akazi ko kurungika amafaranga, yanyurujwe kw’igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2021. Kubwa Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, ngo yagiye atwawe n’abantu bari mu modoka y’ibiyo bitabona bamukuye aho yakorera. Umuryango wa Martin Bashirahishize usaba leta y’Uburundi gukurikirana abamutwaye kugira bavuge iyo bamushize nimba akiriho, baramwishe naho ngo bamubahe bamushingurane iteka.