Droits humains
6 janvier 2023

Mairie ya Bujumbura ivuga ko itagishoboye gukorera ku kibazo c’abana bo mw’ibarabara

Mairie ya Bujumbura ivuga ko ikibazo c’abana bo mw’ibarabara kiyirengeye. Jimmy Ndayishimiye, umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ajejwe umutekano, avuga ko batagishobora kucifasha. Akavuga ko bamaze kugishira mu minwe ya leta, banayisaba gushinga ibigo hagati y’igihugu abo bana bokwigiramwo imyuga. Ivyo bikaba bivana n’uko igitigiri c’abo bana kiguma ciyongera.