Amakuru
12 janvier 2021

Leta y’Uburundi yasubiye gutanguza isekeza ryo gupima abarundi mu kivunga

Bitewe n’ibitigiri bibandanya vyiyongera vy’abandura umugera wa Covid-19, leta y’Uburundi yasubiye gutanguza isekeza ryo gupima abarundi mu kivunga. Mw’ijambo umukuru w’igihugu yaraye ashikirije abarundi kuri uyu wa mbere, Evariste Ndayishimiye arasaba ashimitse abantu bose bikeka canke bafise ibimenyetso vya Covid-19 kuja kwipimisha vuba bwango.