Kubona hari abageze mu zabukuru mu Burundi basega mw’ibarabara, nta teka biha igihugu c’Uburundi. Imelde Sabushimike, umushikiranganji wo Gufatana mu nda, yabivugiye imbere y’abashingamateka kuri uyu wa kabiri. Yari yaramutse aja gusigurira abashingamateka integuro y’itegeko ryemeza amasezerano ya Afrika yubahiriza agateka ka zina muntu n’ak’abageze mu zabukuru. Umushikiranganji akaba yabasavye ko bokwemeza ayo masezerano kuko bizofasha abageze mu zabukuru.
Amakuru
21 avril 2022