Amakuru
27 mai 2023

Leta y’Uburundi iraterwa akamo ko kureka amashirahamwe yigenga ngo akorere mu mwidegemvyo

Leta y’Uburundi yategerezwa kureka amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike gukora mu mwidegemvyo kugira na yo atange intererano yayo mu kwubaka igihugu. Ni muri iyo ntumbero amwe muri ayo mashirahamwe yashimye gushikiriza ivyavuye mu cigwa yakoze kugira abishikirize abasanzwe bakorana n’Uburundi bashobore kugondoza leta ngo ireke ayo mashirahamwe akorere ku mugaragaro. Gordien Niyungeko, umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe FOCODE, amenyesha ko bimwe mu vyo basaba harimwo gusubiramwo amategeko yose yatowe kugira akandamize ayo mashirahamwe.