Amakuru
17 décembre 2021

Leta y’Uburundi irakwiye kubandanya itera imbere mu gufata izindi ngingo zo kurwanya ikiza ca Corona

Umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi urashima ko leta y’Uburundi yikubise agashi ikabona ko ikiza ca Corona kiriko kirarwira kandi kigeramiye abanyagihugu mu gushiraho izindi ngingo zo kucirinda. Ivyo bivugwa na Karori Nditije, arongoye uwo mugambwe. Ariko asaba leta gutera iyindi ntambwe igafata ingingo zikomeye zijanye no kwirinda ico kiza na cane cane guhimiriza abanyagihugu kuja kwicandagisha kandi abategetsi bagatanga akarorero.