Amakuru
20 octobre 2022

Leta y’Uburundi ikwiye kwitwararika ishirwa mu ngiro ry’urubanza rwaciwe na Sentare ya EAC

Uburundi ntibushobora kwigira sindabibazwa mu rubanza ruherutse gushikirizwa na Sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Ahubwo leta ikwiye kwitunganya kugira ishobore kurushira mu ngiro. Uko ni nikwo Pierre Claver Nahimana, arongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU abivuga, hari kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu gihe buca hibukwa imyaka 29 iheze hagandaguwe umukuru w’Igihugu Melchior Ndadaye. Yaboneyeho no gusaba abategetsi kwitaho gukingira umutekano w’abanyagihugu bose kugira igihugu kigire kazoza keza kuri bose.