Amakuru
1 juillet 2021

Leta y’Uburundi ikwiye gufata ingingo ziboneka mu gukingira abarundi bose

Inyuma y’ibitero vyabaye mu ntara ya Muramvya muri komine ya Rutegama, Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, aribaza nimba igitero cibonekeje ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu uheze muri komine Rutegama coba cakozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho canke bitoba vyakozwe na bamwe mu nzego za Leta canke ya mirwi y’Imbonerakure? Pacifique Nininahazwe arasaba ashimitse Leta y’Uburundi gufata ingingo ziboneka mu gukingira abarundi bose.