Amakuru
21 décembre 2022

Leta y’Uburundi ifise itegeko ryo gutsimbataza intwaro ibereye no kurwanya ibiturire

Ibanki y’isi yose irasaba leta y’Uburundi kugira intwaro ibereye no kurwanya ibiturire. Ivyo ikaba yabisavye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, hari igihe yagiraniye umubonano n’iyo banki hamwe n’ikigega c’isi yose FMI, hari muri leta nzuze ubumwe za Amerika, iruhande y’inama yahuza abarongoye Amerika n’abakuru b’ibihugu vya Afrika. Evariste Ndayishimiye akavuga ko anezerejwe n’ibikorwa bitandukanye ibanki y’isi yose iriko irarangura mu gihugu c’Uburundi. Hari mu gihe yari atahutse mu gihugu ku munsi wa mbere itariki 19 Kigarama.