Amakuru
14 octobre 2023

Leta yotegerejwe gushinga ko abarwayi bo mu mutwe baronswa imiti ku buntu (CNPK)

Ikigo citaho indwara zo mu mutwe CNPK gikorera mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura carakiriye abarwayi barenga 700 mu kwezi guheze, 675 muri bo bafise ibibazo vyo mu mutwe. Pierre Claver Njejimana, akurikirana abarwayi mu kigo CNPK, asigura ko ico kigo gifise ubushobozi bwo kwakira abantu 160 ariko ko bishika bakabura aho babashira. Asaba leta kwitaho ikibazo c’indwara zo mu mutwe, ikegereza imiti abafise izo ndwara kandi bakayironka ku buntu.