Amakuru
18 février 2022

Leta yiyemeje guhimiriza abanyagihugu ko imibembe ihari kandi ivurwa

Si ivy’imbeshere, imibembe ni ingwara igisinzikaza abantu mu Burundi. Ivyo vyavuzwe na Dr Joselyne Nsanzerugeze, umuyobozi w’Umugambi wo kurwanya imibembe. Hari ku munsi wahariwe kurwanya iyo ngwara, aho yamenyesheje ko hagiye gutangura ihimiriza ryo kumenyesha abanyagihugu ko iyo ngwara ihari, kandi ari vyiza kuyivuza hakiri kare.