Si ivy’imbeshere, imibembe ni ingwara igisinzikaza abantu mu Burundi. Ivyo vyavuzwe na Dr Joselyne Nsanzerugeze, umuyobozi w’Umugambi wo kurwanya imibembe. Hari ku munsi wahariwe kurwanya iyo ngwara, aho yamenyesheje ko hagiye gutangura ihimiriza ryo kumenyesha abanyagihugu ko iyo ngwara ihari, kandi ari vyiza kuyivuza hakiri kare.
Amakuru
18 février 2022
