Amakuru
16 février 2023

Leta yategerezwa guteza imbere igisata c’ubutunzi kugira igabanye igitigiri kinini c’abashomeri

Umukuru w’Igihugu avuga ko abatagira akazi mu Burundi ari ibinebwe. Yabivugiye mu mubonano yagiranye n’urwaruka mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma. Mw’ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo PARCEM si ko babibona. Iryo shirahamwe risaba leta nyabuna gukora akazi kayo igatunganya neza igisata c’ubutunzi bw’igihugu kugira haboneke abashinga n’abatanga akazi.