Amakuru
14 janvier 2022

Leta yategerezwa gutera intege Abarundi kugira barondere ubuzi hanze mu mashirahamwe mpuzamakungu

Imvugo y’umushikiranganji w’Imigenderanire avuga ko ururimi ariyo ntambamyi ahanini ibuza Abarundi kuja guhiganirwa ibibanza canke kurondera akazi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko canke mu mashirahamwe mpuzamakungu, ngo nta fatiro ifise. Niko Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire, abibona. Ku bwiwe, nyabuna ngo habuze ugushaka kwa leta kwo gushiraho indinganizo n’imigambi itegura abafise ububasha bwo kuja guhiganirwa ibibanza muri ayo mashirahamwe hatisunzwe imigambwe bavamwo.