Amakuru
29 mars 2024

Leta ya Tanzaniya ikwiye guhagarika ibikorwa bihungabanya impunzi z’Abarundi (CBDH/VICAR)

Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi rusaba amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu karere gukurikiranira hafi ingendo z’abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya n’ishirahamwe HCR bagira mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu ntumbero yo gushaka kubatahukana ku nguvu. Jean Bosco Vyizigiro, avugira urunani CBDH/VICAR, asaba igihugu ca Tanzaniya kwubahiriza agateka k’izo mpunzi mu kureka kuziturubika. Akaba abivuze inyuma y’urugendo uwurongoye intara ya Kigoma yagize kuri uno wa kabiri mu makambi y’impunzi z’Abarundi i Nduta na Nyarugusu aho yari agiye kwibutsa impunzi ko zisigaranye amezi icenda kugira zitahuke ku gushaka kwabo mu Burundi, kuko ico kiringo giheze ata n’umwe azosubira gufashwa.