Amakuru
27 août 2024

Leta ya Congo ni yo ntandaro y’ibibazo vy’umutekano muke (W. Ngoma)

Umuhari M23 ntiwigera utegura ibitero ku ngabo za leta ya Congo hamwe n’abo bakorana bose ; ico bakora ni ukwikingira mu kurwanya ibitero vyo kubahonya. Igituma nyamukuru aba M23 baguma bahigwa ni uko bagirizwa kuba muri bo harimwo abavuga ururimi rw’ikinyarwanda, bakabifatirako mu kubagiriza ko atari Abanyecongo, ahubwo ari Abanyarwanda bategerezwa gusubizwa iwabo mu Rwanda. Umuvugizi wa M23, Lieutenant-Colonel Willy Ngoma, akababazwa n’ukubona bafatwa nk’abanyamahanga mu gihugu cabo, mu gihe Interahamwe zakoze ihonyabwoko ku Batutsi mu Rwanda mu 1994 zo zifatwa nk’Abanyecongo zikaba no mu bafata ingingo.