Amakuru
1 février 2023

Leta ya Congo itegerezwa kwerekana ko ishaka koko ko haboneka inyishu ku kibazo kiyihanze

Umuti ku kibazo ca Congo utegerezwa kuva hose. Ivyo bishikirizwa na Paul Kagame. Umukuru w’Igihugu c’Urwanda yabivuze mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru Jeune Afrique. Ku bwiwe, ngo umuhari M23 uvuye mu bice wafashe ntibikwiye kugira amahoro aboneke. Ico gikorwa gitegerezwa kujana n’ibindi, na cane cane bikozwe na leta ya Congo.