Abigisha bashasha ntibagifise ayo bacira n’ayo bamira. Bamaze amezi umunani badahembwa. Ivyo bikagira ingaruka mbi nyinshi kuri bo. Ubu ngo ntibagishobora kugira ico bimariye mu buzima bwabo bwa minsi yose. Bakavuga ko basigaye bagira n’isoni zo guseruka mu maso y’abanyeshure kubera uduhuzu twabo twashaje kugeza aho dutabagurika. Ivyo kandi bituma badashobora no gutegura neza inyigisho, bigatuma ivyo bigisha bita akanovera. Ku bwa Eulalie Nibizi, yahoze arongoye sendika y’abakozi b’igisata c’indero mu Burundi (STEB), ngo izo ngaruka zose zirakora no ku banyeshure basanzwe bafata ababigisha nk’akarorero bogenderako. Agahamagarira leta kwubahiriza amasezerano yiyemeje igakura ico kibazo mu nzira n’ingoga.
Amakuru
14 juin 2024