Amakuru
2 juin 2023

Leta itegerezwa kurwanya ukudahana kugira ihagarike ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu

Ukudahana kuri mu bituma ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi riguma ryimonogoza. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe ligue Iteka mu cegeranyo caryo ku bijanye n’agateka ka zina muntu c’ukwezi kwa Rusama uno mwaka. Iryo shirahamwe rikaba ryashize ahabona abantu bamenyekanye ko bagandaguwe 36. Rikaba rimenyesha ko hari n’ayandi mabi yakozwe, nk’ayafatiye ku gitsina, canke gufunga abantu hadakurikijwe amategeko.