Amakuru
1 novembre 2023

Leta itegerezwa kurondera abantu b’incabwenge mu Burundi canke hanze (Faustin Ndikumana

Ingorane zituma ibikorwa vya leta bicumbagira ziri ahandi, nti ziri aho umushikiranganji wa Mbere yavuze. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM. Gervais Ndirakobuca yari yishuye abashingamateka ko ibituma ibikorwa vya leta bigenda nabi biva ku batwara imigambi itandukanye, no ku vyo abafasha Uburundi batanga uburyo basaba gukurikizwa. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, avuga muri izo ngorane zindi ko harimwo ivyo gutanga ubuzi hisunzwe ubwoko na politike, eka n’ubumenyi buke bw’abajejwe gushira mu ngiro iyo migambi. Akavunira akagohe leta ko yorondera incabwenge, haba mu gihugu canke hanze.