Amakuru
10 février 2023

Leta itegerezwa gutora vyihuta umuti w’ikibazo c’ubukene bw’ibitabo vy’inzira

Ubukene bw’ibitabo vy’inzira mu gihugu buracafuza isura y’igihugu na leta. Ku bwa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, Abarundi babohewe amaboko i mugongo kuko badashobora kugira ingendo uko bavyipfuza, igishobora gutuma n’Abarundi baba mu makungu batagendera igihugu cabo. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku munsi wa kane, Faustin Ndikumana atera akamo umushikiranganji wa Mbere gufata ico kibazo mu minwe, yongere anatuze igiturire kivugwa muri ico gisata c’igipolisi kijejwe imbibe, PAFE.