Amakuru
2 février 2022

Leta itegerezwa gushira imbere ibiganiro biyihuza n’abarimu kugira umuti uboneke

Kwirengera akareka gukoresha amajambo aturira mu kurindira ko amatati ari hagati ya leta n’abigisha atorerwa umuti biciye mu biganiro. Nivyo Umuhari nkundagihugu MAP-Burundi Buhire usaba umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Mw’itangazo uwo muhari wasohoye kuri uyu wa kabiri, usaba ko mu nama rukokoma yerekeye igisata c’indero igiye kuba mu mezi abiri, abo bose begwa n’ibibazo vyo mu gisata c’indero botumirwa.