Amakuru
1 mai 2023

Leta itegerezwa guhagarika guteranya Abarundi kubera bose barabuze mu 1972

Abarundi bategerezwa kuja hamwe, bagakura icigwa ku mabi atandukanye yashikiye Uburundi. Ako kamo ni ak’umuhari w’ibikorwa nkundagihugu, MAP-Burundi Buhire, wasohoye urwandiko ku wa 29 Ndamukiza, itariki yibutsa aho ubwicanyi bwo mu 1972 bwatanguriye. Uwo muhari ukaba uhamagarira leta kureka gukora ibitandukanya abanyagihugu. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi wa MAP-Burundi Buhire, afatira cane cane ku karorero ku mwaka w’1972, aho leta iguma yemeza ko ababuze ari abantu bo mu bwoko bumwe. Ku bwiwe, Abarundi bose barabuze.