Amakuru
9 juillet 2022

Leta iriko irakora ibishoboka kugira iheze ikibazo c’abasegereza n’abana bo mw’ibarabara

Abantu 290 ni bo bahagaritswe mu gitondo co kuri uyu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, mu mugambi w’ubushikiranganji bwo Gufatana mu nda wo gukura mw’ibarabara abana n’abakuze basegereza. Muri bo harimwo abakuze 200 hamwe n’abana 90. Félix Ngendabanyikwa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gufatana mu nda, akaba yamenyesheje ko abakuze bafashwe bazoshikirizwa ubutungane, hanyuma abana bashirwe mu bigo bitandukanye mu kurindira ko hamenyekana imiryango yabo kugira bayibasubizemwo.