Amakuru
4 novembre 2022

Leta ikwiye kureka kuvanga politike mu kibazo c’indero

Inyuma y’ingingo iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’Indero, yo kutazosubira kurungikira ibibazo vyo mw’ishure abana b’impunzi bari mu makambi ya Tanzaniya, abatari bake babandanya kunegura iyo ngingo. Libérat Ntibashirakandi, avugira umuhari w’ibikorwa nkundagihugu (MAP-Burundi Buhire), asaba abategetsi b’Uburundi kudafata igisata c’indero ngo bakigire ica politike. Ntibashirakandi abonako leta ishaka gutahana impunzi ku nguvu kandi bihushanye n’amasezerano mpuzamakungu akingira impunzi.