Uguhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi kurabandanya mu gihe amatora yo mu 2025 yimirije. Biri mu cegeranyo kigira 72 c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi. Denis Ndayishemeze, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, atera akamo leta ko yoreka imigambwe igakora yigenga, ikanatunganya ibiganiro bidakumira, gutyo bigatuma n’igihugu gishika kw’iterambere rirama.
Amakuru
9 août 2024